Uko wahagera

Abatalibani Bemereye Amerika Kudakomanga Abahunga


Umuhanuzi muvy'umutekano muri presidanse ya Amerika, Jake Sullivan mu kiganiro n'abamenyeshamakuru muri White House i Washington, kw'itariki ya 17/08/2021
Umuhanuzi muvy'umutekano muri presidanse ya Amerika, Jake Sullivan mu kiganiro n'abamenyeshamakuru muri White House i Washington, kw'itariki ya 17/08/2021

Presidanse ya Reta zunze ubumwe za Amerika, White House, yavuze kuri uyu wa kabiri ko Abatalibani bemeye ko abasivile barengana mu mahoro baja ku kibuga c’indege i Kabul. Ni mu gihe igisirikare ca Amerika categuye indege ku Banyamerika n’Abanyefuganistani bahunga ubutegetsi bw’Abatalibani.

Umuhanuzi muvy’umutekano mu biro kwa prezida, Jake Sullivan, yavuze ko Amerika ihagaze ku vyo yemerewe n’Abatalibani. Sullivan yavuze ko inteko za Amerika zategekanije uburyo bwo kwunguruza abandi banyamahanga hamwe n’Abanyefuganistani bemerewe gukurwa mu gihugu bakajanwa muri Amerika.

Amerika yavuze ko hakiri abantu baharurwa mu 11 000 biyita ko ari Abanyamerika bakiri muri Afuganistani.

Umutegetsi mu gisirikare ca Amerika, Majoro General Hank Taylor, yavuze ko kuva aho ikibuga c’indege congeye kwugururirwa kuri uyu wa kabiri, igisirikare ca Amerika kimaze gukura muri Afuganistani abantu hafi 800, barimwo Abanyamerika 165, mu ndege indwi.

Yavuze ko Amerika itegekanya ko haguruka indege imwe uko isaha iheze, kugira hatwarwe n’iburiburi abantu bari hagati y’ibihumbi bitanu n’ibihumbi icenda ku musi. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG