Uko wahagera

Umukandida Hakainde Hichilema Yatsinze Amatora muri Zambiya


Uwutavuga rumwe n’ubutegetsi, Hakainde Hichilema, aramutsa abanyagihugu ahejeje gutora i Lusaka, Zambia, Kw'itariki ya 12/08/2021
Uwutavuga rumwe n’ubutegetsi, Hakainde Hichilema, aramutsa abanyagihugu ahejeje gutora i Lusaka, Zambia, Kw'itariki ya 12/08/2021

Umugwizatunga akongera akaba n’uwutavuga rumwe n’ubutegetsi, Hakainde Hichilema, yatangajwe kuri uyu wa mbere ko yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu muri Zambiya.

Ibitigiri vyatangajwe n’umurwi ujejwe amatora vyerekanye ko Hichilema yatowe n’abangana 2 810 757 mu gihe Prezida Edgar Lungu yatowe n’1 814 201.

Mw’itangazo yashikirije kuri televiziyo, umukuru wa komisiyo y’amatora, Esau Chulu, yatangaje ko Hakainde Hichilema ari we prezida wa Republika ya Zambiya.

Bugize incuro ya gatandatu, uwo mugabo w’imyaka 59 ahiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu. Mu matora ahitiye, Hichilema yari yararushijwe na Lungu amajwi make cane mu matora yo mu 2015 na 2016. Lungu yaruhiye gutsinda amurushije amajwi 100 000.

Mu gihe abandi bakandida 16 bari muri iryo higanwa bamaze kwemera ko batsinzwe, ndetse bakanakeza Hichilema, Prezida Edgar Lungu we yavuze ko ayo matora atabaye mu mwidegemvyo kandi atizigiwe kuko habaye intureka mu bice afisemwo abanywanyi benshi. Yavuze ko abanyamugambwe biwe bari bahagarariye amatora batewe barirukanwa ku biro vy’amatora. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG