Uko wahagera

Isirayeli na Maroke Bemeye Kwugurura Ambasade Zabo


Umushikiranganji wa Isirayeli ajejwe imigenderanire Yair Lapid mu kiganiro n'abamenyeshamakuru Casablanca, muri Maroke, kw'itariki ya 12/08/2021
Umushikiranganji wa Isirayeli ajejwe imigenderanire Yair Lapid mu kiganiro n'abamenyeshamakuru Casablanca, muri Maroke, kw'itariki ya 12/08/2021

Isirayeli na Maroke bari mu mugambi wo kwugurura ambasade zabo mu mezi abiri ari imbere. Vyashikirijwe n’umushikiranganji wa Isirayeli ajejwe imigenderanire n’amakungu, Yair Lapid, kuri uyu wa kane mu rugendo yagize muri ico gihugu co mu buraruko bw'Afrika.

Ibihugu vya Maroke, Emira z’Abarabu zunze ubumwe, Bahrain na Sudani, vyose vyaremeye kunagura imigenderanire na Isirayeli, mu masezerano yitiriwe Abraham yafashijwemwo na Donald Trump yahoze ari perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Urugendo rwa Lapid muri Maroke ni urwa mbere rukozwe n’umushikiranganji wa Isirayeli w’imigenderanire kuva mu 2003. Muri uyo mubonano, basinye amasezerano ku ruja n’uruza rw’ibintu n’abantu mu kirere hagati y’ivyo bihugu bibiri hamwe no kunagura imigenderanire mu bijanye n’imico, akaranga, ukunonora imitsi hamwe n’ibikorwa vy’urwaruka. (Reuters, AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG