Uko wahagera

Imiriro yo mw'Ishamba Imaze Kwica Abantu 69 muri Algeriya


Umuntu ariko araba amashamba ariko arasha yafi y'imihana y'i Larbaa Nath Irathen, hafi y'i Tizi Ouzou
Umuntu ariko araba amashamba ariko arasha yafi y'imihana y'i Larbaa Nath Irathen, hafi y'i Tizi Ouzou

Muri Aljeriya, Igitigiri c'abamaze guhitanwa n'imiriro yo mu mashamba bageze kuri 69. Mu bapfuye muri iyo miriro yo mu mashamba yo mu misozi n’imihana yo mu ntara y’aba Berbere ya Kabylie harimwo abasirikare 28. Prezida wa Aljeriya, Abdelmadjid Tebboune yatangaje imisi itatu y’ikigandaro mur’iyi ndwi mu ntumbero y’ukwibuka abahitanywe n’iyo miriro.

Ikiringo c’imisi itatu y’ikigandaro, gitangura kuri uyu musi wa kane, kirimwo guhagarika imirimo yose ya reta kiretse ibikorwa vy’ugufatana mu nda.

Imiriro mu bice bitari bike yatanguye kuyogeza amashamba mu misozi yo mu ntara y’aba Berbere ya Kabylie, mu buseruko bw’umurwa mukuru, Algers, ku musi wa mbere. Iyo miriro yarahitanye amazu, ibiti vy’ivyamwa vya olive, hamwe n’ibitungwa abantu bikorako mur’iyo ntara.

Umuyobozi w’amashamba ku murwa mukuru w’ako karere, yatangaje ku musi wa gatatu ko imiriro yadutse ahantu 18 mu ntara ya Kabylie ikiriko iraka. Imiriro yaratse kandi mu bindi bice vyo mu buraruko bw’igihugu, yamara iyadutse mu ntara ya Kabylie niyo yihaye inkumbi kurushiriza.

Umushikiranganji wa mbere n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati bompi batangaje ku musi wa kabiri ko ibikorwa vy’inkozi z’ikibi vyikekwa mur’iyo miriro yo mu ntara ya Kabylie. Ivyo naho ubushuhe n’imiyaga ikomeye biri mu biriko biha inguvu kurushiriza iyo miriro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG