Uko wahagera

Ibihugu vya Buraya Birinuba Abimukira ba Afuganistani


Abimukira b'abatalibani ku mugabane wa Buraya
Abimukira b'abatalibani ku mugabane wa Buraya

Ibihugu bitandatu vyo mw’ishirahamwe rya Buraya vyasavye uwo muryango kubandanya usubiza iwabo abimukira bamuka muri Afuganistani n’aho Abatalibani babandanya kwigarurira uturere ku muvuduko munini. Abategetsi babivuze kuri uyu wa kabiri.

Amareta ya Otrishiya, Ububirigi, Danemark, Ubudagi, Ubugiriki n’Ubuholande yandikiye ubutegetsi bw’umuryango wa Buraya asaba kwemererwa gusubiza iwabo abimukira b’abanyafuganistani igihe bokwimwa ubuhungiro.

Afuganistani yasavye Uburayi mu kwezi kw’indwi guhagarika kuyirungikira abimukira bayo mu kiringo c’amezi atatu, muri iki gihe intambara zishushe kandi n’abasirikare ba Amerika bariko barataha.

Umwe mu bategetsi b’umuryango w’Uburayi yavuze ko gushika ubu muri uyu mwaka, abantu 1 200 bamaze gusubizwa muri Afuganistani bimwe ubuhungiro mu bihugu vya Buraya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG