Uko wahagera

Umukinyi Rurangiranwa Lionel Messi Azokinira Paris Saint-Germain


Lionel Messi
Lionel Messi

Umukinnyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru, Lionel Messi, yemeye kuja gukina mu murwi w'umupira w'amaguru wo mu Bufransa, Paris Saint-Germain.

Messi yashitse ku kivuga c’indege mu gisagara ca Barcelona uno musi ku wa kabiri. Vyari vyitezwe ko aja mu Bufransa mu murwi Paris Saint-Germain inyuma yuko asezeye umurwi wa Barcelona yatanguye gukinamwo afite imyaka 13.

Bitegekanijwe ko Messi ashika ku murwa mukuru w’Ubufransa, Paris, ku muhingamo w’uno musi ku wa kabiri, nkuko bitangazwa n’ikinyamakuru L’equipe co mu Bufransa.

Messi, afise imyaka 34 muri iki gihe, yatsindiye agashimwe ka Ballon d’Or (umupira w’inzahabu) incuro zitandatu, yararize ku musi w’Imana igihe yariko asezera Barcelona. Ni inyuma yuko itangaje ko itagishoboye kumugumana bivuye ku mategeko y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo muri Espanye avuga ako amakipe y’umupira w’amaguru muri ico gihugu adashobora gukoresha amafranga arengeye ayo yinjiza.

Mu murwi Paris Saint-Germain, Messi azohasanga Neymar bakinanye muri Barcelona na Kylian Mbappe babonwa ko bari mu bakinyi bakomeye cane kw’isi. Bizoha inguvu imigambi y’umurwi Paris Saint-Germain y’ugutsindira ubwa mbere igikombe c’imirwi ya mbere ku mugabane wa Bulaya.

Kuza kwiwe kandi bizokwongereza igihagararo c’uwo murwi. Messi afise abantu imiliyoni 245 bamukwirikira ku rubuga Instagram. Ni we mukinyi yinjije ibitsindo vyinshi cane kurusha abandi bakinyi mu mateka y’umurwi Barcelona. Ni ukuvuga ibitsindo 682.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG