Perezidanze ya Reta zunze ubumwe za Amerika, White House, yemeje ko iriko iriyumvira gusaba ko abanyamahanga bagendera Amerika berekana icemeza ko bacandazwe Covid-19 imbere yo gutangura gusaba kugendera muri Amerika.
Jeff Zients, umushingwabikorwa mu murwi wa perezidanse washizweho kurwanya COVID-19, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Reuters, ko ibigo bitari bike vya reta biriko biriyumvira kuri iki ciyumviro.
Ariko Reta zunze ubumwe za Amerika ntirashinga ikirangamisi co kongera kwakira ingenzi mvamakungu bivanye n’ubwoko bushasha bwa COVID-19 bwiswe Delta buriko burandukira ku bwinshi.
Amerika yatanguye gufatira ingenzi ziva mu Bushinwa kutinjira muri Amerika mu kwezi kwa mbere, 2020. Kuva ico gihe Ubuhindi n’ibihugu vya Buraya vyaciye navyo vyongrwako bifatirwa iyo ngingo.
Ariko Amerika iracarimbura nimba izokwemera icemeza ko umuntu yacandazwe kizotangwa n’abazova mu bihugu biriko bikoresha incanco zitemewe muri Amerika. (Reuters)
Facebook Forum