Uko wahagera

Igisirikare c'u Rwanda Kirishimira Intambwe Cateye muri Mozambike


Igisirikare c'u Rwanda kiriko citegura gufata indege kija muri Mozambique. Ku kibuga c'indege mpuzamakungu i Kigali, kw'itariki 10/07/2021
Igisirikare c'u Rwanda kiriko citegura gufata indege kija muri Mozambique. Ku kibuga c'indege mpuzamakungu i Kigali, kw'itariki 10/07/2021

Igisirikare c’u Rwanda, cavuze kuri uyu wa kane ko cateye intambwe zishimishije mu kurwanya abajihadiste mu ntara ya Cabo Degaldo, muri Mozambike, intara irimwo umwuka mwinshi wa Gaze.

Umuvugizi w’umushikiranganji w’u Rwanda ajejwe kwivuna abansi, Ronald Rwivanga, yavuze ko abasirikare babo bafashije igisirikare ca Mozambike kwongera kwigarurira igisagara ca Awasse cari carafashwe n’izo ntagondwa.

Igisirikare ca Mozambike cari carananiwe kwigarurira ako gace kuva mu kwezi kwa munani 2020. U Rwanda ruvuga ko abo bajihadiste bahunze igisagara ca Awasse bahungira mu tundi dusagara turi hafi y’intara ya Mocimboa da Praia.

Inteko z’u Rwanda zingana 1,000 ni zo zarungitswe muri Mozambike mu kwezi kw’indwi, inyuma y’aho perezida wa Mozambike Filipe Nyusi agendeye u Rwanda.

Botswana cabaye igihugu ca mbere co muri SADC carungitse abasirikare 296 muri Mozambike, inyuma y’aho Ubumwe bwa Buraya, kw’itariki ya 12 y’ukwezi kw’indwi nabwo bwararungitseyo abasirikare gufasha kumenyereza abasirikare ba Mozambike mu rugamba barimwo rwo kurwanya abajihadiste. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG