Uko wahagera

ONU: Abarenga 1200 Barishwe n'Intambara muri Centrafrika muri 2020


Inteko za ONU muri Centrafrika mu bikorwa vyo gukizura
Inteko za ONU muri Centrafrika mu bikorwa vyo gukizura

Intambara hagati y’abarobeli hamwe n’inteko za reta hamwe n’abayishigikiye muri Republika ya Centrafrika zahitanye ubuzima bw’abanyagihugu barenga 1200 mu mwaka uheze. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze kuri uyu wa gatatu ko ubwicanyi bukorerwa abasivile muri Centrafrika buri ku rugero ruteye ubwoba.

ONU ivuga ko naho iyo ntambara yatanguye mu 2013 isa n’iyacureshe kuva mu 2018, abantu bashika 1 220 bishwe kuva mu kwezi kw’indwi 2020 gushika mu kwezi kw’indwi 2021. ONU yemeza ko hari n’abandi bataramenyekana.

Amatohoza yakozwe na ONU muri Centrafrika yabonye ko hakozwe ubwicanyi ndengerabutungane, kuboreza igufa abantu, guhagarika abantu no kubafunga ata mpamvu zirinze gutangwa.

Raporo ivuga ko urunani rw’imihari y’abitwaje ibirwanisho, Coalition des Patriotes pour le Changement (CPC), wagirizwa kwica abarenga ica kabiri c’abatohojwe.

Reta ya Centrafrika yanse kugira ico ivuga kuri iyo raporo. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG