Uko wahagera

Sudani Yemeje Amasezerano Ayifatanya na CPI


Umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Khartoum, Sudani, Sept. 3, 2019.
Umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Khartoum, Sudani, Sept. 3, 2019.

Inama nshikiranganji ya Sudani yatoye yongera iremeza gusinya amasezerano ayifatanya na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI. Umushikiranganji wa mbere, Abdalla Hamdok yavuze ko ari intambwe ya mbere itewe kandi ihambaye.

Kuva mu kwezi kw’umunani 2019, Sudani irongowe na reta mfatakibanza igizwe n’abasivile n’abasirikare. Yiyemeje kuronderera ubutungane abakorewe ivyaha ku butegetsi bwa Omar Bashir.

Hamdok avuga ko hasigaye gukoranya akanama karongoye igihugu kugira kemeze iyo ngingo ibone gucika itegeko ry’igihugu. Ariko nta birenze ivyo yatangaje nimba uko kwiyunga na CPI bisigura kuzorungikayo Omar Bashir hamwe n’abandi banyesudani baronderwa n’iyo sentare ku vyaha vyo mu ntambara na jenoside.

Gushika ubu reta mfatakibanza ya Sudani ivuga ko ikiri mu biganiro na CPI kuri ico kibazo ca Bashir n’abahoze ari abafasha biwe. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG