Uko wahagera

Imyuzure y'Imvura Yahitanye Abantu 7 muri Sudani y'Ubumanuko


Abakora mu mashirahamwe y'abagiraneza muri Sudani y'ubumanuko
Abakora mu mashirahamwe y'abagiraneza muri Sudani y'ubumanuko

Abategetsi bo muri reta ya Unity, muri Sudani y’ubumanuko bavuga ko abantu bashika ku ndwi bamenyekanye ko bapfuye, inyuma y’imyuzure itewe n’imvura yateye imihana y’abanyagihugu muri komine ya Mayendit mu misi iheze. Iyo myuzure yakuye mu ngo imiryango hafi 400 ku buryo 90 kw’ijana vy’ubutaka muri iyo komine bwatewe n’amazi.

Umukuru w’iyo komine Mayendit, Gatluak Nyang, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko haruhande y’abo bantu indwi bapfuye, abandi 17 bakomowe n’inzoka. Avuga kandi ko imiryango hafi 400 yahungiye mu bice bikirurutse kandi ko inka 500 n’intama 300 vyahapfiriye.

Nyang ahamagarira amashirahamwe y’abagiraneza na reta kwihutira gufashisha abanyagihugu ibifungurwa, uburaro hamwe n’imiti kugira bakingirwe kwandura ingwara.

Imyuzure y’imvura muri Sudani y’ubumanuko yarasinzikaje ibice bitari bike vy’igihugu mu bihe bihitiye. Hagati y’ukwezi kw’indwi n’ukw’icenda mu 2020, abantu hafi 800 000 barahuye n’ingaruka z’imyuzure muri reta ya White Nile River, nkuko reta yabivuze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG