Uwutavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Biyelarusiya, Sviatlana Tsikhanouskaya, yabonaye na Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden kuri uyu wa gatatu muri perezidanse ya White House. Baganiriye kuri demokarasi n’agateka ka muntu muri ico gihugu cahoze muri republika y’abasovieyete.
Mu butumwa ku rubuga Twitter, Perezida Biden yavuze ko Amerika iri kumwe n’abanyagihugu ba Biyelarusiya mu guharanira demokarasi kwabo hamwe n’agateka kabo.
Biyelarusiya yinjiye mu ntureka za poritike kuva mu kwezi kwa munani umwaka uheze, aho Perezida Alexander Lukashenko yongeye gutorwa muco ibihugu vyinshi vyo mu burengero bw’isi vyise amanyanga ya poritike.
Tsikhanouskaya ni we yari afise ijunja mu batavuga rumwe n’ubutegetsi yahanganye na Lukashenko mu matora. Yaciye ahitamwo guhunga igihugu inyuma y’amatora, igihe reta ya Lukashenko itanguriye guhiga abagize uruhara mu myigaragamvyo yiyamiriza amatora.
Tsihanouskaya yasavye Amerika gufata ingingo zikomeye kuri reta ya Lukashenko. Mu rugendo rwiwe i Washington yabonanye kandi n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Antony Blinken hamwe n’umuhanuzi muvy’umutekano muri White House, Jake Sullivan. (Reuters, VOA)
Facebook Forum