Uko wahagera

Covid-19: UNICEF Isaba ko Amashure Yugawe Yugururwa Vuba


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryasavye kuri uyu wa kabiri ko amashure yose yugawe kubw’ikiza c’umugera wa Coronavirus yugururwa mu maguru masha. Ikigega ca ONU cita ku bibondo, Unicef kigereranya ko indero y’abana barenga imiriyoni 600 yatitutse.

James Elder, umuvugizi wa Unicef yavuze ko amashure yari kuba mu vyugarwa ubwa nyuma kandi akugururwa imbere y’ibindi vyose nk’amazu y’uburiro n’ubunywero. Yongeye avuga ko gusubira kwugururwa amashure bidakwiye kurindira ko abigisha n’abanyeshure bacandagwa.

Hafi igice ca kabiri c’ibihugu muri Aziya na Pasifike, amashure yarugawe mu kiringo c’imisi 200 mu gihe c’iki kiza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG