Uko wahagera

Perezida Biden Yatangaje Irangira ry'Urugamba rwa Gisirikare muri Iraki


Abasirikare ba Amerika bahagaze ahatewe bombe na Irani ku kambi ya Ain al-Asad i Anbar, muri Iraki, kw'itariki ya 13/01/2020.
Abasirikare ba Amerika bahagaze ahatewe bombe na Irani ku kambi ya Ain al-Asad i Anbar, muri Iraki, kw'itariki ya 13/01/2020.

Perezida Joe Biden wa Reta zunze ubumwe za Amerika, yavuze kuri uyu wa mbere ko mu mezi ari imbere abasirikare ba Amerika muri Iraki bazorangiza urugambwa rwa gisirikare. Yabitangaje mu kiganiro ku bamenyeshamakuru igihe yariko arabonana n’umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Mustafa al-Kadhimi ku ngoro ya perezida ya White House.

Perezida Biden yavuze ko umurimo mushasha abo basirikare bazoca bahabwa kuzoba ukubandanya gutanga imyimenyerezo ya gisirikiare, gushigikira no gufasha guhangana n’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu igihe uzoba wivyukiranije. Ariko yavuze ko mu mpera z’uyu mwaka ata musirikare azobarizwa ku rugamba muri Iraki.

Ariko Perezida Biden yanse kuvuga igitigiri kizosigarayo mu basirikare ba Amerika hafi 2 500 bari muri Iraki.

Uyu mubonano wo kuri uyu wa mbere muri White House ubaye mu gihe hakibandanya ibitero ku birindiro vy’abasirikare ba Amerika muri Iraki, ibitero Amerika yegeka ku mirwi y’abarwanyi ifashwe mu mugongo na Irani. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG