Uko wahagera

Afrika Ntiyorohewe muri Olempike mu Mupira w'Amaguru


Mu nkino za Olempike ziriko zirabera mu gisagara ca Tokyo mu Buyapani, ejo kuw’Imana wari umusi ugira gatatu w’inkino z’umupira w’amaguru ku bagabo, mu mirwi yaserukiye umugabane wa Afrika.

Mu murwi A, Afrika y’epfo yatsinzwe n’Ubufaransa ibitsindo 3 kuri 4. Ica iza ubwa nyuma ku manota 0 mu murwi urimwo n’Ubufaransa, Ubuyapani, na Mexique. Urundi rukino ruzoyihuza na Mexique kw’itariki ya 28.

Mu murwi C, Misiri yatsinzwe na Argentine 1-0, ikaba gushika ubu ari iya nyuma muri uyo murwi kw’inota rimwe gusa. Mu gihe yotsindwa na Australiya mu rukino rwo kw’itariki ya 28 na Espanye ikazotsindwa na Argentine, Misiri yoca iva mw’ihiganwa.

Mu murwi D, Cote d’Ivoire yaranganije na Brezil 0 ku bundi ivyatumye ija mu kibanza ca kabiri mu manota 4, inyuma ya Brezil nayo nyene ifise ane nyene

Urundi rukino ruzoyihuza n’Ubudagi kuwa 28 w’uku kwezi. Cote d’voire niwo murwi wa Afrika gushika ubu usa n’uwuzoronka amahirwe yo kubandanya mu gice ca quart de finale.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG