Uko wahagera

Amatora Yasibijwe muri Somaliya


Somaliya yasibije amatora yari ategekanijwe gutangura kuri uyu w’Imana, inyuma y’amezi abanyeporitike bari bamaze mu kutumvikana, muri ico gihugu co mw’ihembe rya Afrika. Abategetsi babibwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Umwe mu bagize kimisiyo y’amatora atashimye ko amazina yiwe aja ahagaragara yavuze ko amatora atakibaye nk’uko yari yarategekanijwe. Impamvu ngo n’uko intara zitarungitse abakandida bazo ku gihe.

Amatora y’abashingamateka n’ayo umukuru w’igihugu yari gutangura kuri uyu w’Imana, itariki 25 z’uku kwezi kwa ndwi. Intumwa z’amareta zari kumara imisi ine zitora abasenateri. Urwo rukurikirane rw’amatora rwari kuzorangizwa n’ayo umukuru w’igihugu kw’itariki 10 z’ukwezi kwa cumi.

Umuvugizi wa reta, Mohamed Ibrahim Moalimu, yavuze ko umushikiranganji wa mbere, Mohamed Hussein Roble, yashikirije abakuru b’amareta umubabaro vyamuteye. Ni we yashinzwe na reta ico gikorwa co gutunganya amatora.(AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG