Uko wahagera

Prezida wa Ukraine Azohura na Prezida w'Amerika Joe Biden


Prezida wa Amerika, Joe Biden, na prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky
Prezida wa Amerika, Joe Biden, na prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky

Iyo nama yari imaze igihe ironderwa, kuko Ukraine iriko irondera gushigikirwa n’amakungu mu gihe ihanganye n’agasomborotso k’igihugu c’Uburusiya.

Ibiro vya Prezida Biden, Maison Blanche, bitangaza ko urugendo rwa Prezida Zelensky ari intambwe mu ntumbero y’ukwiyemeza kw’Amerika ku vyerekeye gushigikira ubwigenge n’imbibe z’igihugu ciwe mu gihe agasomborotso k’Uburusiya kabandanya mu ntara za Donbas na Crimeya.

Izoba kandi intambwe y’ukwiyemeza ku vyerekeye gukorana mu bijanye n’ukwubahiriza amasoko ntanganguvu hamwe n’ugushigikira utwigoro twiwe tw’ukurwanya ruswa n’ugushira mu ngiro imigambi mishasha ifatiye mu mico n’ingendo ya demokrasi Amerika na Ukraine bisangiye.

Prezida Zelensky wa Ukraine amaze igihe asaba Amerika kumushigikira ku mugaragaro biciye mu mubonano amaso mu yandi kuva agishika ku butegetsi mu mwaka w’i 2019. Inama na Prezida Biden i Washington izoba ibaye iya mbere.

Prezida Biden yaravuganye nawe kw’itelefone mu kwezi kwa gatandatu imbere yuko agira urugendo mu karere k’i Bulaya aho yabonanye na prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin.

Prezida Zelensky yari yasavye Biden kubonana nawe imbere yuko abonana na Putin kugira yerekane ko ashigikiye ubwigenge bwa Ukraine. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG