Uko wahagera

USA:Anthony Blinken Yaravuganye na Prezida Tshisekedi wa RDC


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Anthony Blinken
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Anthony Blinken

Baganiye ku musi wa gatatu ivyerekeye gukomeza imigenderanire hagati y’ibihugu vyabo, bemera kubandanya gukorera hamwe kugira babandanye bashira imbere amahoro n’iterambere.

Umushikiranganji Blinken yarerekanye ko ashigikiye imigambi ya Prezida Tshisekedi y’uguhindura ibintu mu kurwanya ruswa, gukomeza inzego za demokrasi, gushira imbere amahoro n’ukwubahiriza agateka ka muntu, guhagarika umuco w’ukudahana n’ugukomeza igisata c’amagara y’abantu.

Blinken yarahayagije kandi Tshisekedi ku buyobozi bwiwe mu mabanga yiwe y’umukuru w’umuryango w’ubumwe bwa Afrika ku rwego rw’abakuru b’ibihugu. Abo bategetsi bompi baraganiye kandi ivyerekeye gukingira ibidukikije n’ukurwanya ihindagurika ry’ibihe ikibazo nyamukuru mu kiringo ciwe c’umukuru w’igihugu.

Umushikiranganji w’Amerika Blinken yarashimikiye ku makenga igihugu ciwe gifise ku bijanye n’agateka ka muntu bitera bimera nabi kurushiriza mu ntara ya Tigre mu gihugu ca Etiyopiya. Yarashimikiye kandi ku kamaro k’uruhara rw’umuryango w’ubumwe bwa Afrika mu kugabanya intambara hamwe n’uguhuza mu matati yerekeye urugomero rukomeye, Grand Ethiopian Renaissance Dam, Etiyopiya yubatse ku ruzi Nil.

Abo bategetsi bompi barerekanye ukwiyemeza kwabo ku vyerekeye gukorera hamwe kugira Republika ya demokrasis ya Congo ikure inyungu mu masosko kama akomeye cane ifise, yongere ibandanye mu nzira nziza. (US Department of State)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG