Uko wahagera

Etiyopiya Yagiriza Abagiraneza ko Bashigikiye Abayirwanya muri Tigre


Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopya, Abiy Ahmed
Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopya, Abiy Ahmed

Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, AP, ritangaza ko ayo mashirahamwe akorera muri iyo ntara yasinzikajwe n’ingwano. Reta igabisha guhagarika bimwe mu bikorwa vyayo muri iyo ntara.

Ivyo vyagirizo vyerekana ibibazo bibandanya kuba hagati ya Reta ya Etiyopiya n’amashirahamwe y’abagiraneza amaze amezi n’amezi asaba gushikira ata ntambamyi intara ya Tigre. Muri iyi ntara, abantu ibihumbi amajana n’amajana bageramiwe n’inzara, mu gihe abandi batari bake bamaze kwicwa n’ikigoyi.

Umuvugizi w’umurwi ujejwe ibikorwa vyihutirwa mu ntara ya Tigre, Redwan Hussein, yatangaje ku musi wa gatatu ko amashirahamwe y’abagiraneza ariko agira uruhara rusambura mu ngwano imaze amezi indwi muri iyo ntara.

Amanyesha ko aho ugukwirikirana ivyerekeye imfashanyo, ayo mashirahamwe ariko afasha gukwiragiza propaganda igenewe gutyoza Reta ya Etiyopiya.

Redwan atangaza ko reta y’igihugu ciwe ishobora gusubira ku masezerano y’ugukorana n’amwe muri ayo mashirahamwe, n’iyo abakozi bayo batashimikira gusa ku bikorwa vy’ugutanga imfashanyo n’ugutabara abanyagihugu. Nta mashirahamwe kanaka yadomweko urutoke.

Naho Reta ya Etiyopiya yatangaje ko yubahirije agahengwe kugira imfashanyo zitangwe, amashirahamwe y’abagiraneza yavuze ko gushika ubu hakiri intambamyi zitari nke ku vyerekeye gushikira abanyagihugu mu ntara ya Tigre. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG