Uko wahagera

Gushiraho Inzitizi ku Batora muri Amerika Bitandukanye n’Ibiranga Igihugu.


Prezida wa Amerika, Joe Biden
Prezida wa Amerika, Joe Biden

Yatangaje ku musi wa kabiri ko kwubahiriza uburengenzira bw’ugutora ari urugamba rwihutirwa rwo mu bihe vya none. Ivyo yabitangarije mu gisagara ca Philadelphia, muri Reta ya Pennsylvania.

Biden, yatangaje ko gukingira uburenganzira bw’ugutora ku banyamerika kizoba kimwe mu bintu azoshimikirako cane mu kiringo ciwe mu mabanga ya prezida. Yamara yaranebaguwe bikomeye n’abademokrate bavuga ako atari arakora ibihagije. Ivyo naho bitamworohera kurenganisha imigambi yiwe mu nama nkenguzamateka.

Mw’ijambo yashikirije ku musi wa kabiri mu gisagara ca Philadelphia, Biden yavuze ko utwigoro tw’ukugeramira uburenganzira bw’ugutora bitandukanye n’ibiranga Amerika kandi biciye kubiri na demokrasi.

Yaranebaguye uwo yasubiriye, Donald Trump avuga mu bitagira ishingiro ko habaye ubusuma mu matora yo mu mwaka w’i 2020 inyuma yuko ayatsinzwemwo.

Ivyatangajwe na Biden vyabaye ku musi abademokrate bo muri Reta ya Texas bahungiye i Washington mu kigoro k’iugutuma inama nshingamateka yaho igenzurwa n’abarepublikani idakwiza ibiharuro baikwiriye kugirango ihitishe itegeko rigeramira kurushiriza uburengenzira bw’ugutora muri iyo reta.

Ijambo rya Biden ryari rigenewe gutuma abanyagihugu baja ku ruhande rwiwe. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG