Uko wahagera

Murisanga ku Kibazo c'Abana b'Abarundi n'Abanyarwanda Bahitanwa n'Ubwicanyi bw'Abitwaje Ibirwanisho mu Mahanga


Murisanga ku Kibazo c'Abana b'Abarundi n'Abanyarwanda Bahitanwa n'Ubwicanyi bw'Abitwaje Ibirwanisho mu Mahanga
please wait

No media source currently available

0:00 0:59:59 0:00

Kuva uno mwaka w'2021 utangura, abantu bagera ku bihumbi 17 baramaze kwicwa n'abantu bitwaje inkoho/ibirwanisho muri Reta Zunze Ubumwe z'Amerika. Ikimenyeshamakuru Le Monde dukesha ibi bitigiri nticatanze ivy'uko ahandi mu bindi bihugu vyifashe. Ico bikoze, mu ntango z'uku kwezi kw'indwi, agashavu kari kose ku bakomoka mu karere k'ibiyaga bigari inyuma y'urupfu rw'umwana w'umuyabaga yitwa Tyson Ndongozi aba mu gisagara ca Ottawa muri Canada yagandaguwe ku myaka 20 arashwe n'umuntu ataramenyekana yamusanze ku kibuga yariko akinirako Basketball hamwe n'uyundi yitwa Tamim Ian Habimana w'imyaka 16 yagandaguriwe i Londres mu Bwongereza. Abavyeyi b'abarundi n'abanyarwanda baba mu mahanga bahanganye gute n'iki kibazo c'abana bahitanwa n'ubwicanyi bw'abitwaje ibirwanisho mu mahanga? Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Diane Nininahazwe arabigarukako mu kiganiro na Madame Sandra Barancira, aba mu gisagara ca Ottawa, akaba ari mu batanguje ishirahamwe, ABC, (Alliance des Burundais du Canada) hamwe na Madame Prudentienne Seward, Umwongerezakazi akomoka mu Rwanda, akaba yarigeze kuba akora akazi ko gushira ku murongo/kugorora abana bafise imigenzo mibi irimwo ukunwa ibiyayura mutwe no gukora ivyaha birimwo ukwica.

XS
SM
MD
LG