Uko wahagera

Amerika: Presida Biden Yifadikanije n'Abanyacuba Basaba Ubwigenge


Prezida wa Amerika, Joe Biden
Prezida wa Amerika, Joe Biden

Ni mu gihe hariko baba imyiyerekano iba gake muri ico gihugu kubera abanyagihugu bavuga ko ata bwingenge buri mu gihugu kandi ubutunzi buriko butera bumera nabi kurushiriza, nkuko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters.

Prezida Biden yamenyesheje ko bifadikanije n’abanyacuba hamwe n’akamo kabo gasaba ubwigenge n’imfashanyo kugira bahangane n’ikiza ca Covid-19. Amenyesha kandi ko bashaka ko ikandamizwa n’ububabare bifatiye ku butunzi bamazemwo imyaka n’imyaka birangira.

Yongeye atangaza ko abanyacuba bariko barwanira ubwigenge ngenderwako, burimwo uburenganzira bw’ukugira myiyerekano mu mahoro n’ukutegekanya kazoza kabo. Amenyesha ko Reta zunze ubumwe za Amerika zisaba abategetsi ba Reta ya Cuba kwumviriza abanyagihugu ah’ugukorera inyungu zabo bwite n’ukwuzuza imifuko yabo.

Atangaza ko bariko bihweza ukugene bofasha abanyacuba.

Abategetsi ba Reta ya Amerika bariko bakwirikiranira hafi imyiyerekano iriko ibera muri Cuba.

Jake Sullivan, umuhanuzi wa Prezida Biden ku bibazo vyerekeye umutekano w’igihugu yagabishije ku vyerekeye gutoteza abarir mu myiyerekano iriko iba mu mahoro.

Abanyacuba ibihumbi n’ibihumbi barihereje amabarabara ku musi w’Imana aho bakoze imyiyerekano yiyamiriza ukubura kw’ibifungurwa n’imiti mu gihe igihugu gihanganye n’ibibazo bilkomeye cane vy’ubutunzi bitewe n’ikiza ca Covid-19 n’ibihano cafatiwe na Amerika.

(Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG