Uko wahagera

Vyari bitegekanijwe ko uruzitiro rukingira inyubakwa ya Kongre ya Amerika ruvanwaho.


Uruzitiro rukingiye inyubakwa ya Congre ya Amerika i Washington DC

Abategetsi mu nyubakwa ya Kongre ya Reta Zunze ubumwe za Amerika bavuga ko vyari vyitezwe ko abakozi igikorwa c’ugukura uruzitiro rwa nyuma rw’agateganyo rujejwe gukingira iyo nyubakwa iri mu gisagara ca Washington kuwa gatanu tariki y’icenda y’ukwezi kw’indwi. Ni amezi 6 inyuma yuko itewe.

Umutegetsi mukuru w’igigpolisi kjejwe gukingira abashingamateka n’abakenguzamateka mu nyubakwa ya Kongre ya Amerika, William Walker, yarungikiye urwandiko abagize Kongre bose n’abahakora ku musi wa gatatu, itangazamakuru ryashoboye kuronka. Urwo rwandiko rusigura ko igipolisi kijejwe gukingira iyo nyubakwa cafashe ingingo ko hataragera yuko urwo ruzitiro ruvanwaho, bifatiye ku bibazo bijanye n’umutekano biherutse gutohozwa hamwe n’ugukorana n’abandi bajejwe kwubahiriza amategeko ku rwego rw’akarere ka Washington canke urwego rw’igihugu.

Urwo rwandiko ruvuga ko igipolisi kijejwe gukingira inyubakwa ya Kongre kizobandanya gukwirikirana amakuru y’iperereza ku vyari vyo vyose bishobora kugeramira umutekano w’abayikoramwo. Bikenewe, uruzitiro rushobora gusubizwaho mu buryo bwihuta.

Igikorwa c’ugukuraho urwo ruzitiro kizofata gushika ku mmsi itatu. Uruzitiro rwari rwigiye kure gato rwakuweho mu kwezi kwa gatatu.

Urwandiko rw’umukuru w’igipolisi kijejwe gukingira abagize Kongre n’abahakorera rwamenyesheje ko ingingo ziziririza kwegera inyubawa yayo zihari muri iki gihe zizobandanya gushirwa mu ngiro.

Kuva mu mwaka uheze ingenzi n’abandi bashaka kugendera iyo nyubakwa ntibarekuriwe kuyinjiramwo kubera ingingo z’ukuteregana zashizweho kubera ikiza ca Covid-19.

Uruzitiro ruresha imetero 2 rukingiye inyubakwa ya Kongre rwashizweho mu kwezi kwa kabiri, inyuma yuko abashigikiye uwahoze ari prezida wa Amerika, Donald Trump bateye iyo nyubakwa ahejeje kubashikiriza.

Abantu 5 barapfuye mu ruhagarara rwakwiikiye hamwe n’umusi w’inyuma yaho, harimwo umupolisi ajejwe gukingira iyo nyubakwa. Babiri mu bapoilisi bakingiye iyo nyubakwa uyo musi bariyahuye inyuma yaho. Abapolisi barenga 100 barakomeretse. Abantu barenga 535 baragirijwe ivyaha vyo kuba bagize uruhara mu gitero ku nyubawa ya Kongre ya Amerika. (VOA News Center)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG