Uko wahagera

Zambiya: Umuryango wa Kaunda na Reta Ntibahuza Aho Yoshingurwa


Umuryango wa nyakwigendera Kenneth Kaunda yahoze arongoye Zambiya witwaye kuri uyu wa kabiri muri sentare, usaba ihagarikwa ry’amaziko yiwe ategekanijwe kuri uyu wa gatatu mu kibanza gishingurwamwo abahoze ari abaperezida i Lusaka ku murwa mukuru.

Kaunda yaharaniye ukwikukira, yasandavye kw’itariki ya 17 y’ukwezi kwa gatandatu. Bamwe mu bana n’abuzukuru biwe basavye sentare y’i Lusaka ko atopfubwa kuri uyu wa gatatu. Bakeneye ko iyo sentare ibemerera akazopfubwa haruhande y’umutamukanyi wiwe Betty, yapfuye mu mwaka wa 2012, nkuko yari yarabisavye.

Reta ya Zambiya ntaco iravuga kuri ivyo vyasabwe n'umuryango wiwe. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG