Abakuru b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abaharanira uburenganzira bwa muntu muri Tanzaniya basavye reta guhinyanyura ibwirizwa shingiro kugira haboneke ubwisanzure ku rubuga rwa poritike.
Babivugiye mu ruganda batunganije kuri uyu wa kane, muco bise, "Katiba Day," bisigura “Umusi wahariwe Ibwirizwa shingiro”. Ni inyuma y’aho Perezida Samia Hassan asabiye abanyetanzaniya kumuha umwanya wo kubanza gukemura ubwa mbere ibibazo vy’ubutunzi.
Perezida Hassan yavuze ko icihutirwa ari ukubanza kunagura ubutunzi, guhamagara abanyamitahe no kugwiza ubuzi, mu nyuma ibindi bizoce bikurikira. Yongeyeko ko igihe nicagera, azohangana n’ikibazo c’ibwirizwa shingiro no gusubizaho ibikorwa vyiyaguye vy’imigambwe.
Nyakwigendera Perezida John Magufuli yahagaritse umugambi w'ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro agishika ku butegetsi mu 2015, aca ahagarika imyiyerekano ya poritike mu mwaka wakurikiye.
Tanzaniya igengwa n’ibwirizwa shingiro ryo mu 1977, ryashizweho ryisunze ubutegetsi bushingiye ku mugambwe umwe. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi barinegura bavuga ko ryorohereza umugambwe uri ku butegetsi, CCM. (VOA)
Facebook Forum