Uko wahagera

Burkina Faso: Perezida Kaboré Yigenye Kuba Umushikiranganji wo Kwivuna Abansi


Perezida Roch Marc Christian Kabore aha ikiganiro abamenyeshamakuru ku kirimba i Ouagadougou, Burkina Faso
Perezida Roch Marc Christian Kabore aha ikiganiro abamenyeshamakuru ku kirimba i Ouagadougou, Burkina Faso

Perezida Roch Marc Christian Kabore wa Burkina Faso yakuye mu mabanga babiri mu bashikiranganji biwe kuri uyu wa gatatu, inyuma y’ubwicanyi bwateye imyiyerekano mu basivile bidogera umutekano muke mu gihugu.

Reta itangaza ko Kabore ubwiwe yigenye kuba umushikiranganji wo kwivuna abansi, asubirira Cheriff Sy, aca agena Maxime Kone kuba umushikiranganji w’umutekano mu kibanza ca Ousseni Compaore.

Mu ntango z’uku kwezi kwa gatandatu guheze, abatavuga rumwe n’ubutegetsi basavye itanga imihoho ry’umushikiranganji wa mbere, Christophe Dabire na Sy. Babagiriza kuba ari bo batumye ubwicanyi buterwa n’intagondwa z’abayisilamu bwiyongera.

Burkina Faso iri mu bihe vy’ubwicanyi n’ibitero vy’imigwi y’abajihadiste kuva mu 2015. Ibi bitero bimaze guhitana abantu hafi 1500, vyirukana mu ngo zabo abahakwa gushika umuriyoni 1 n’ibihumbi 500.

Imyiyerekano y’ibihumbi vy’abanyagihugu bashavuye muri Burkina Faso iramaze kuba mu gihugu kandi iyindi yatumweko n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi na sosiyete sivile itegekenijwe mu mpera z’iyi ndwi. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG