Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, ryavuze ko ririko riraherekeza ibihugu bitanu bigisigaye inyuma, bitaratangura gucandaga abanyagihugu Covid-19, mu gihe gushika kuri uyu wa kabiri isi imaze gucandaga imiriyaridi zitatu z’abantu.
Mu bihugu 194 bihurikiye muri OMS, Uburundi, Eritreya, Haiti, Koreya ya Ruguru na Tanzaniya ntibiratanguza porogaramu yo gucandaga abanyagihugu Covid-19. Umuvugizi wa OMS, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko iryo shirahamwe ribandanya guherekeza ivyo bihugu kugira bifate ingingo yo kwifatanya n’ibindi gucandaga abanyagihugu bavyo.
Umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yari yihaye intumbero ko igihugu cose gitangura gucandaga abakozi bo mu buvuzi hamwe n’abari mu mugwi w’abashobora kubangamirwa na Covid-19 mu minsi 100 ya mbere y’umwaka wa 2021. Ariko ico gihe yihaye carenze mu kwezi kwa kane intumbero yiwe idashitsweko. (AFP)
Facebook Forum