Uko wahagera

USA Itewe Impungenge n'Abatalibani Baguma Bagura Uturere muri Afuganistani


Umugabisha w'ingabo za USA na OTAN muri Afghanistan, General Scott Miller, aramutsa abasirikare ba Afuganistani. Kw'itariki 6/6/2019

Umukuru w’ingabo za Reta zunze ubumwe za Amerika muri Afuganistani yavuze kuri uyu wa kabiri ko atewe amakenga n’uguhungabana kw’umutekano kwiyongereye mu gihugu. Ni mu gihe inteko za Amerika na OTAN zitegekanya kuzoba zakuyeyo abasirikare babo bose kw’itariki ya 11 y’ukwezi kw’icenda.

General Austin Scott Miller, ahagarariye itahuka ry’abasirikare mvamakungu, yabivuze mu gihe rugeranyeko ku rubuga rw’intambara hagati y’Abatalibani n’abasirikare ba reta, muri ico gihugu catabaguwe n’intambara.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku murwa mukuru wa Afuganistani, Kabul, General Miller yavuze ko ibintu bitifashe neza mu gihugu muri iki gihe kuko Abatalibani babandanya kwigarurira uturere kandi bashobora kuzofata igihugu cose ku nguvu.

Abatalibani bavuga ko bamaze gufata amakomine 100 ku 419 agize igihugu kuva mu kwezi kwa gatanu, igihe abasirikare mvamakungu batangura kuva mu gihugu, inyuma y’imyaka hafi 20 bamazeyo.

Miller ahamagarira ashimitse intumwa za reta ya Afuganistani n’Abatalibani, gusubira ku meza y’ibiganiro i Doha muri Qatar kugira baronke inyishu iciye muri poritike ihagarika intambara. (VOA, AP, AFP).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG