Uko wahagera

USA Isabwa Gukingira Abayifashije Gusobanura Indimi muri Afuganistani


Umusobanuzi w'ururimi w'umunyafuganistani
Umusobanuzi w'ururimi w'umunyafuganistani

Mu gihe abasirikare ba Reta zunze ubumwe za Amerika bariko barava muri Afuganistani, reta ya Perezida Biden iriko iraremerwa n’abayisaba gukurayo n’abanyafuganistani babafashije mu bikorwa vyo gusobanurira mu ndimi abasirikare b’Amerika.

Umurwi ugizwe n’abashingamateka b’abademokrate n’abarepublikani bariko basaba perezidanse ya Amerika gutwara abo banyafuganistani bafashije, mu kibanza gitekanye nko mw’izinga rya Guam, riri mw’ibahari Pasifike. Iri zinga ryegukira Amerika kandi ni ryo ryashizwemwo abakozi nk’abo bafashije Amerika mu ntambara ya kabiri y’isi.

Umuvugizi wa perezidanse ya Amerika, Jen Psaki, yavuze kuri uyu wa gatatu ko reta ya Biden iriko irihutisha porogaramu idasanzwe ya viza kuri abo bafashije Amerika no gutororokanya uburyo bw’amafaranga yo guherekeza ico gikorwa.

Abasirikare ba Amerika batanguye kuvanwa muri Afuganistani kw’itariki ya 1 y’ukwezi kwa gatanu, kandi bashobora kuzoba bavuyeyo bose kw’itariki ya 4 y’ukwezi kw’indwi. Abasirikare ba OTAN na bo bategekanya kuzoba bavuyeyo bose kw’itariki ya 11 y’ukwezi kw’icenda.

Abanyafuganistani barenga 300 bafasha gusobanura indimi barishwe muri Afuganistani kuva mu 2016, nkuko ishirahamwe ry’abagiraneza ribavugira, No One Left Behind, rifise icicaro muri Amerika ribivuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG