Uko wahagera

Ibisasu Bitatu Vyaraturitse muri Beni mu Buseruko bwa RDC


Abasirikare ba Malawi bo mu nteko za Monusco bari mw'isengero rya Katolika i Beni, kw'itariki ya 27/06/2021
Abasirikare ba Malawi bo mu nteko za Monusco bari mw'isengero rya Katolika i Beni, kw'itariki ya 27/06/2021

Igisagara ca Beni, mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo, kuri uyu wa mbere cafunze amashure, amasoko hamwe n’amasengero mu kiringo c’amasaha 48, inyuma y’aho ibisasu bitatu biturikiye mu mpera z’indwi, bitera ubwoba bw’ubwicanyi.

Igisasu ca mbere caturikiye kw’isengero rya Katolika kandi cabaye igitero co mbere c’ubwiyahuzi muri iyo ntara, imaze igihe mu bihe bidasanzwe vy’ubutegetsi bw’igisirikare, inyuma y’ibitero vy’umuhari ADF.

Umukuru w’igisagara ca Beni, Colonel Narcisse Muteba, yategetse ejo kuw’Imana ko abantu baguma mu ngo zabo inyuma y’aho haturikiye igisasu ca gatatu. Yavuze ko hari amakuru y’ibindi vyoba vyateguye, aca ategeka abanyagihugu kudasubira gukoranira mu bigwi, kandi abasaba kuguma batekanye.

Ibiro vy’umukuru ajejwe ibikorwa vya ONU muri Kongo, Bintou Keita, kuri uyu wa mbere yise ivyo bitero “Ubunyamaswa kandi bigamije kubiba iterabwoba n’ukujuragiza abasivile”.

Beni iri mu ntara ya Kivu y’uburaruko, ni imwe mu ntara zibiri Perezida Felix Tshisekedi yashize mu bihe vy’uburongozi bw’abasirikare kw’itariki ya 6 y’ukwezi kwa gatanu kugira hatuzwe ubwicanyi bwabaye ndanse.

AP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG