Uko wahagera

ONU: Ubumanuko bwa Madagascar Bwugarijwe n'Inzara


Abavyeyi n'abana bari mu mapfa y'inzara i Ambovombe, muri Madagascar. Ifoto yafshwe kw'itariki ya 12/06/2021.
Abavyeyi n'abana bari mu mapfa y'inzara i Ambovombe, muri Madagascar. Ifoto yafshwe kw'itariki ya 12/06/2021.

Umukuru w’ishami rya ONU ryita ku bifungurwa, PAM, yavuze kuri uyu wa kabiri ko abanyagihugu barenga umuriyoni mu bumanuko bwa Madagascar bariko binjira mu bihe vy’amapfa atewe n’inzara, aho abashika ku 14 000 baza bamaze kwugarizwa n’inzara.

David Beasley yabwiye abamenyeshamakuru ko abantu baronka imfungurwa bibagoye, kandi benshi bicwa n’ikigoyi. Umukuru wa PAM avuga ko bamwe basigaye barya ivyondo abandi bakamura amashurwe ku biti akaba ari yo bafungura.

Madagascar yarahuye n’ibihe bitandukanye vy’uruzuba kuva mu 2014, bituma abarimyi batimbura neza. Mu mwaka uheze, inzige zirya ibiterwa zarateye akarere ka Afrika y’ubuseruko. Beasley avuga ko mu gihe mu bindi bice vy’isi inzara iterwa n’intambara, Madagascar yo ihanzwe n’ihindagurika ry’ibihe, uruzuba rwikurikiranya. Imiryango itari mike yaragurishije ibitungwa, amatongo hamwe n’ivyo itunze kugira ishobore kugura ibifungurwa.

Mu ndwi iheze, Reta zunze ubumwe za Amerika yatangaje imfashanyo ingana hafi imiriyoni 40 z’amadolari yo gufasha vyihuta ubumanuko bwa Madagascar. Ayo mafaranga azocishwa mu mashirahamwe yegamiye ONU, PAM na UNICEF hamwe na Catholic Relief Services ryo muri Amerika.

VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG