Uko wahagera

ONU: Somaliya, RDC, Afuganistani, Siriya, Ibihugu vya Mbere Bibi ku Buzima bw'Abana


Ikambi y'Impunzi muri Siriya
Ikambi y'Impunzi muri Siriya

Ibihugu vya Somaliya, Republika ya demokarasi ya Kongo, Afuganistani na Siriya biza ku rutonde rwa mbere aho ubuzima bw’abana bubangamiwe kw’isi. Muri raporo ngarukamwaka y’ibihugu bihohotera umwana, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze kuri uyu wa mbere ko hafi ibice 60 kw’ijana vy’amabi akorerwa abana abera muri ivyo bihugu.

Intumwa idasanzwe ya ONU ku bana baba mu bihugu birimwo intambara, Virginia Gamba, yavuze ko abana bakwiye gushirwa ku rutonde rwa mbere rw’abantu bakingirwa kw’isi. Avuga ko amabi yakorewe abana mu 2020 kwabaye ukubashira mu bisirikare vy’ibihugu no mu mirwi yitwaje ibirwanisho no kubica.

Iyo raporo ivuga ko abana barenga 3 200 ari bo batohojwe ku banyurujwe mu ntambara zabaye mu mwaka wa 2020, hamwe n’abashika 1,268 bakorewe ivyaha bishingiye ku gitsina.

Ariko iyo raporo iravuga ko hari inkuru nziza, ko inyuma yo gutabarizwa, imihari yitwaje ibirwanisho, n’abajejwe umutekano barekuye abana 12,643 basubira mu buzima busanzwe.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu, yo avuga ko izo raporo hari ibihugu zishira ku ruhande kandi bizwi ko bihohotera abana. Jo Becker, ajejwe igisata c’abana muri Human Rights Watch avuga ko umunyamabanga mukuru wa ONU adatunga urutoke amabi akorwa na Isirayeli hamwe n’urunani rurongowe na Arabiya Sawudite.

VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG