Uko wahagera

Abategetsi ba Afuganistani mu Rugendo muri Amerika kuwa Gatanu


Berezida wa Afuganistani, Ashraf Ghani, iburyo,i Kabul, muri Afuganstani, kw'itariki ya 17/05/2020
Berezida wa Afuganistani, Ashraf Ghani, iburyo,i Kabul, muri Afuganstani, kw'itariki ya 17/05/2020

Perezida wa Afuganistani, Ashraf Ghani hamwe n’intumwa yiwe mu biganiro vy’amahoro, Abdullah Abdullah, bategekanya kugendera Reta zunze ubumwe za Amerika ku musi wa gatanu, kubonana na Perezida Joe Biden.

Uyu mubonano amaso mu yandi hagati y’abo bategetsi, uzoba ubaye imbere y’itahuka rya nyuma ry’abasirikare ba Amerika n’aba OTAN bagisigaye muri Afuganistani, imbere y’itariki ntarengwa ya 11 y’ukwezi kw’icenda. Perezida Biden yategetse ko iyo ntambara irangira.

Umuvugizi wa perezidanse ya Amerika, Jen Psaki, yavuze kuri uyu w’Imana ko Perezida Biden arindiranye igishika abo bategetsi ba Afuganistani kandi ko abemereye ko Amerika izoguma hafi y’ico gihugu mu bisata vya kidiporomasiya, ubutunzi hamwe no gufasha abanyagihugu.

Psaki yashimitse avuga ko Amerika ibandanya gushigikira ibiganiro vy’amahoro no guhimiriza impande zose zerwa n’intambara muri Afuganistani kuja muri ivyo biganiro kugira iyo ntambara irangire burundu.

Uru rugendo rutangajwe mu gihe mu ndwi ziheze, abarwanyi b’abatalibani bigaruriye amakonine mashasha kandi impamde zose zitangaza ko zatakaje abarwanyi batari bake mu mirwano ikomeye yabaye.

VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG