Uko wahagera

Covid-19: Ba Mukerarugendo b'Amerika Bemerewe Kwongera Kugendera Uburayi


Abantu bariko bagendera umunara wa Tour Eiffel i Paris mu Bufaransa, kw'itariki ya 25/05/2021
Abantu bariko bagendera umunara wa Tour Eiffel i Paris mu Bufaransa, kw'itariki ya 25/05/2021

Ishirahamwe rya Buraya kuri uyu wa gatatu ryatangaje ko ryasavye ibihugu bihurikiye muri uwo muryango gukuraho ingingo za Covid-19 zibuza ba mukerarugendo bava muri Reta zunze ubumwe za Amerika, kugira izo ngenzi zishobore kugendera uwo mugabane wa Buraya.

Ingendo z’abava muri Amerika no mu bindi bihugu barahagaritswe kwinjira ku mugabane wa Buraya kugira barinde ko umugera wa Covid-19 ikwirakwira. Ariko intumwa z’ibihugu vya Buraya, ziriko zibonanira i Buruseli, bemeranije kwongera Amerika ku rutonde rw’ibihugu iyo ngingo ikurwako.

Ariko abo bategetsi bavuga ko igihugu cose gifise ububasha bwo gusaba ivyemeza ko umuntu yacandazwe imbere yo kwinjira mu gihugu.

Abategetsi b’ubumwe bwa Buraya bavuze ko ingingo yo gushira Amerika kuri urwo rutonde ifashwe vyisunze uko igikorwa co gucandaga kiriko kiragenda.

Haruhande ya Amerika, abaserukira Uburaya bongeye kuri urwo rutonde ibihugu vya Macedoniya y’uburaruko, Albaniya, Serbiya, Libani na Taiwani. Iyi ngingo vyitezwe ko irangizwa gutosorwa kuri uyu wa gatanu ikazoca ija mu ngiro ubwo nyene.

VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG