Reta ya Zimbabwe guhera kuri uyu wa mbere irasubizaho amategeko ya “Guma mu Rugo”, kugira ihagarike ibitigiri vy’abandura Covid-19 vyongeye kwiyongera muri ico gihugu co mu bumanuko bwa Afrika.
Icegera wa Perezida, Constantino Chiwenga, yavuze ko mu misi indwi iheze, abantu bashasha 596 banduye hamwe na 26 uwo mugera wahitanye, ugereranije no mu kwezi kwa gatanu k’umwaka uheze nk’aya matariki, aho handuye 132 na batandatu bapfuye.
Chiwenga yavuze ko amakoraniro yose ahagaritswe kuva kuri uyu wa mbere, kiretse abapfuba ababo aho abantu batarenga 30 ari bo bemerewe kuba mu maziko. Ariko ntiyavuze igihe izo ngingo zizosubira gusuzumirwa.
Utwigoro twa Zimbabwe two gucandaga abenegihugu twaracumbagiye kubera ibura ry’incanco. Ariko abategetsi bavuga ko igihugu gifise mu bubiko incanco umuriyoni 1 n’ibihumbi 700 zatanzwe n’Ubushinwa, Uburusiya n’Ubuhindi kuva mu kwezi kwa kabiri.
Mu ndwi iheze Zimbabwe yarakiriye incanco 25 000 za Sputinik V zo mu Burusiya. Zashitse inyuma y’imisi ibiri ico gihugu canse incanco za Johnson & Johnson zatanzwe n’ubumwe bwa Afrika biciye mw’ibanki ya Afrika, Export-Import. Zimbabwe yemeje ko imaze kuronka abantu 39 852 banduye barimwo 1632 bahasize ubuzima.
Facebook Forum