Uko wahagera

CPI: Fatou Bensouda Ararangiza Amabanga muri uku kwa Gatandatu


Fatou Bensouda
Fatou Bensouda

Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, yasavye reta ya Sudani kurungika i LaHaye abagabo bane barimwo Omar al-Bashir, bagirizwa ivyaha vyo mu ntambara bakoreye mu ntara ya Darfur. Fatou Bensouda yabisabiye mu kanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kuri uyu wa gatatu. Ni mu gihe, kw'itariki ya 16 y'uku kwezi azoba arangije amabanga yiwe muri ayo mabanga.

Bensouda yavuze ko Sudani ikwiye kwerekana ko ari Sudani nshasha vy’ukuri, mu kwifatanya n’amakungu, kandi yiyunze n’abandi mu kwubahiriza ubutungane hamwe n’amategeko. Yavuze ko abo bagabo bane baronderwa basanzwe bari mu minwe ya reta ya Sudani kandi ataco abona cobuza ko bashikirizwa CPI.

Bensouda yabishikirije inyuma y’urugendo rwiwe rwa mbere yahoramwo mu ntara ya Darfur.

Mu kwezi kwa munani umwaka uheze, umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok, yavuze ko reta yiwe mfatakibanza yiteguye gukorana n’iyo sentare. Ariko gushika ubu nta n’umwe mu bakekwa gukora ivyo vyaha aratangwa muri CPI.

Umushikirizamanza mukuru wa CPI, Bensouda yamuka muri Gambiya, arangiza amabanga yiwe kw’itariki ya 16 y’uku kwezi, inyuma y’imyaka hafi 20 amaze muri iyo sentare, icenda muri yo ayirongoye. Azosubirirwa n’umushingwamanza w’umwongereza, Karim Khan, azwi mu bikorwa vyo guharanira agateka ka muntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG