Uko wahagera

USA Yemereye Igisirikare ca Afuganistani Imiriyoni 3.3 z'Amadolari Buri Mwaka


Abasirikare bashasha ba Afuganistani bahejeje inyigisho za gisirikare i Kabul, Afghanistani.
Abasirikare bashasha ba Afuganistani bahejeje inyigisho za gisirikare i Kabul, Afghanistani.

Intumwa y’amahoro ya Reta zunze ubumwe za Amerika muri Afuganistani, Zalmay Khalilzad, hamwe n’izindi ntumwa zo ku rwego rwo hejuru, babonanye n’abategetsi i Kabul mu biganiro vyo gukomeza imigenderanire, inyuma y’aho abasirikare ba Amerika bazoba bavuye mu gihugu.

Uyu mubonano ubaye mu gihe abarwanyi b’Abatalibani bongereje ibitero ku basirikare ba reta, bafata ikomine icenda za Afuganistani, harimwo zitandatu bafashe mu ndwi iheze, kuva aho abasirikare ba Amerika batanguriye kuva mu gihugu, haraheze ukwezi.

Umuvugizi wa perezida wa Afuganistani, Mohammad Amiri, yavuze kuri uyu w’Imana ko Amerika yemeye kuzoha Afuganistani buri mwaka imiriyaridi 3 n’imiriyoni 300 z’amadolari zizofasha igisirikare mu rugamba n’Abatalibani. Amiri yavuze ko ibigo vya gisirikare vy'Amerika hamwe n’ibikoresho birimwo indege zizofasha igisirikare kirwanira mu kirere, biri mu bizoganirwako mu misi iri imbere.

Mu ndwi iheze, Amerika yatangaje imiriyoni zirenga 226 z’amadolari zo gufasha abanyagihugu ba Afuganistani bashika imiriyoni 18 bakeneye imfashanyo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG