Uko wahagera

Burkina Faso: Reta Yatangaje Ikigandaro ku Bantu 160 Bishwe


Abasirikare ba Burkinabe bakezura aho abakekwa kuba abajihadiste bishe abantu batari bake mu buseruko bwa Burkina Faso, kw'itariki ya 3/05/2021.
Abasirikare ba Burkinabe bakezura aho abakekwa kuba abajihadiste bishe abantu batari bake mu buseruko bwa Burkina Faso, kw'itariki ya 3/05/2021.

Reta ya Burkina Faso yatangaje imisi itatu yo kugandara inyuma y’igitero cahitanye abantu bashika 160 mu ndwi iheze mu mihana y’i Solhan, mu ntara ya Yagha iri mu buraruko bw’igihugu mu karere ka Sahel. Ico gitero cabaye mw’ijoro ryo ku musi wa gatanu.

Ibitigiri nyavyo vy’abapfuye n’abakomeretse ntibiramenyekana neza kuko abapfa n’abakomeretse baguma biyongera. Nta muhari uremanga ko wabishe, ariko abasesenguzi bavuga ko ushobora kuba ari umuhari w'iterabwoba wa reta ya kiyisilamu ukorera mu karere ka Sahel.

Nico gitero gihitanye abantu benshi kuva reta ya Burkina Faso hamwe n’imihari yitwaje ibirwanisho ishamikiye kuri al-Qaida n’umuhari wa reta ya kiyisilamu batangura gutana mu mitwe mu 2015. Ubu bwicanyi bubaye hari haheze igihe hari ituze muri ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG