Uko wahagera

Amerika Irarondeza Umukuru wa Al-Qaida muri Maghreb


Ubushikiranganji bwa Reta zunze ubumwe za Amerika bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu, kuri uyu wa gatatu bwashizeho ibahasha y’imiriyoni 7 z’amadolari z’agashimwe kuri uwo wese yotanga amakuru y’ahari Abu Ubaydah Yusuf al-Anabi, umukuru wa Al-Qaeda mu karere ka Maghreb (AQIM).

Amerika yavuze ko Anabi yamenyekanye ko ari we mukuru w’uwo muhari mu buraruko bwa Afrika mu kwezi kwa cumi na kumwe 2020, haheze amezi atanu uwo yasubiriye, Abdelmalek Droukdel, yishwe.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko Anabi ari umwenegihugu wa Aljeriya, kandi azwi kw’izina rya Yazid Mubarak.

Mu mwaka wa 2015, Amerika yamwise umuntu karuhariwe kandi adasanzwe kw’iterabwoba ku rwego rw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG