Uko wahagera

OMS Yemeje Ikoreshwa ry'Urucanco rw'Ubushinwa, Sinovac


Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, kuri uyu wa kabiri ryahaye uburenganzira urucanco Sinovac rwa Covid-19 rw’Ubushinwa kugira rukoreshwe nk’izindi mu buryo bwihuta. Rubaye urucanco rw’Ubushinwa rugira kabiri rwemewe na OMS gukoreshwa.

Ibi bihaye icizere ibihugu, abatanga imfashanyo z’amafaranga, hamwe n’abantu, ko rwemewe hisunzwe amategeko mpuzamakungu ku bubasha bwarwo. Mu kwezi guheze, Sinopharm rwabaye urucanco rwa mbere rw'Ubushinwa rwahawe uburenganzira na OMS.

Urucanco Sinovac ruza rwaramaze gukoreshwa mu bihugu bitari bike birimwo Chili, Brezile, Indoneziya, Mexique, Tayilande na Turukiya.

OMS ihanura ko ruhabwa abafise imyaka 18 no kurenga, kandi rugaterwa mu bice bibiri bitandukanye ku ndwi zibiri canke zine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG