Uko wahagera

Ubwongereza n'Uburaya Bifatanije na Amerika Gutohoza Ahaturutse Covid-19


Laboratware yo mu ntara ya Wuhan mu Bushinwa
Laboratware yo mu ntara ya Wuhan mu Bushinwa

Ibigo bijejwe iperereza mu Bwongereza hamwe n’ibigo bijejwe umutekano ku mugabane wa Buraya vyifatanije na Reta zunze ubumwe za Amerika mu matohoza mashasha agamije kumenya neza amamuko y’umugera wa corona, nkuko abategetsi b’izo mpande zibiri babivuze.

Ikibanza ayo matohoza azoshimikirako ni laboratware yo mu Bushinwa, mu ntara ya Wuhan gikora ubushakashatsi ku migera. Niho hakekwa kuba haraturutse uwo mugera umaze guhitana abantu bashika imiriyoni zine kw’isi.

Abategetsi b’Ubwongereza bavuze kuri uyu wa mbere ko bakeka ko uwo mugera waciye mu ryahumye abashakashatsi muri iyo laboratware.

Mu ndwi iheze, perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yategetse ibigo vya Amerika gukora amatohoza yimbitse ku mamuko y’uyo mugera no gutanga ibizoyavamwo mu mezi atatu. Itegeko rya Perezida Biden rije inyuma y’aho iperereza rya Amerika rimenyeye ko amakuru y’uko hari abashakashatsi batatu bo muri Laboratware y'i Wuhan barwaye mu kwezi kwa cumi na kumwe 2019, imbere yuko umuntu wa mbere avugwa ko yanduye uwo mugera.

Kubw’iperereza rya Amerika, abo bashakashatsi b’Ubushinwa bajanywe mu bitaro bafise ibimenyetso vya COVID-19. Abategetsi bo mu bihugu vyo mu burengero bw’isi bavuga ko ayo makuru mashasha ashigikira ibikekwa ko uwo mugera wandukiye abantu utorotse muri laboratware y’i Wuhan.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG