Uwahoze ari perezida wa Cote d’Ivuware, Laurent Gbagbo, azotahuka mu gihugu c’amavuko kw’itariki ya 17 y’ukwezi kwa gatandatu, inyuma y’imyaka 10 yarakivuyemwo. Vyashikirijwe na Assoa Adou, umunyamabanga mukuru w’umugambwe, Front Populaire Ivoirien, FPI, umugambwe wa Gbagbo.
Ni inyuma kandi y’aho yejejwe na CPI ku vyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu mu ntambara hagati y’abenegihugu yabaye inyuma y’amatora mu myaka y’2010 n’2011. Mu kwezi kwa kane, sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, yemeje ko Gbagbo n’uwahoze ari hafi yiwe, Charles Ble Goude bejejwe.
Abantu barenga 3 000 barishwe mu mezi y’imishamirano y’inyuma y’amatora yo mu 2010, igihe Gbagbo yaharira ku ntsinzi ya perezida w’iki gihe, Alassane Ouattara yongera yanka kuva ku butegetsi. Gbagbo yaruhiye kuvanwa ku butegetsi ku nguvu aca aba umukuru w’igihugu wa mbere yaburanishijwe na CPI.
Facebook Forum