Abategetsi bajejwe umutekano mu gisagara ca San Jose, muri reta ya California, muri Reta zunze ubumwe za Amerika bavuga ko abantu umunani bishwe abandi batari bake barakomereka kuri uyu wa gatatu, igihe barasirwa ku kigo gikoramwo abakora amatara yo ku mabarabara y’indarayi.
Ibiro vy’umukuru w’ikijandarume mur’ico gisagara ca Santa Clara, Russell Davis, yabwiye abamenyeshamakuru ko igiporisi cihuse gutabara kur’ico kigo, ahariko humvikanira amasasu, hafi isaha cumi na zibiri n’igice z’agatondo, mu masaha yo muri ako karere. Yavuze ko abatohoza bahashitse ari benshi.
Davis yavuze ko uwarashe nawe nyene ari mu bapfuye, ariko ntiyavuze uko yishwe, igitigiri nyezina c’abapfuye n’abakomeretse.
Uwundi yaganiriye n’abamenyeshamakuru ni umuyobozi w’ico kigo, Glenn Hendricks, avuga ko ivyabaye ari agahomerabunwa kandi arahoze imiryango yabuze ababo. Umukuru w’ico gisagara, Sam Liccardo, yavuze ko ari ibihe vy’umwijima binjiyemwo.
Muri perezidanse ya Amerika, White House, icegera c’umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, Karine Jean Pierre, yavuze ko bariko bakurikiranira hafi ivyabaye no gutanga imfashanyo zikenewe zo mu buryo bwose. Yavuze ko Amerika igwaye ikiza c’ubwicanyi bushingiye ku kurasana hakoreshejwe inkoho, bwaba ubukorwa ku bigwi vy’abantu canke ku muntu umwe umwe.
San Jose ni igisagara kibamwo umuriyoni umwe w’abantu, kiri mu bumanuko bwa San Francisco. Hazwi ko hakorerwa ibikorwa vya tekinolojiya kandi hari amakompanyi akomeye y’abanyamerika atari make akorera muri ico gisata.
Facebook Forum