Uko wahagera

Perezida Biden na Putin Bemeranije Kuzohurira I Geneve


Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden na perezida w’Uburusiya Vladimir Putin bazobonana mu nama mu kwezi kuza i Geneve, mu Busuwisi. Izoba ibaye inama ya mbere izohuza abo bategetsi babiri amaso mu yandi, mu gihe ivyo bihugu bifise ibibazo bibatandukanya.

Perezidanse ya Amerika, White House, yemeje kuri uyu wa kabiri ko iyo nama izoba kw’itariki ya 16 y’ukwezi kwa gatandatu, kandi ko ruzoba ari urugendo rwa mbere perezida Biden azoba agize mu makungu nka perezida. Ni mu gihe azoba yagendeye mu Bwongereza mu nama y’ibihugu 7 bitunze kurusha ibindi no mu Bubirigi mu nama ya OTAN.

Umuvugizi wa Perezida Biden, Jen Psaki, yavuze ko we na Putin bazoganira ku bibazo vyatosekaje imigenderanire hagati ya Amerika n’Uburusiya. Perezida Biden yatanguye gusaba inama na Perezida Putin mu kwezi kwa kane, naho reta yiwe yariko yitegurira gufatira ibihano abategetsi b’Uburusiya ku ncuro ya kabiri mu mezi atatu ya mbere ari ku butegetsi.

Perezida Biden yafashe ingendo itandukanye n’uwahoze atwara Amerika, Donald Trump kuri Putin. Perezida Trump yamye ahakana ivyagiriji vy’uko Uburusiya bwamufashije gutsinda amatora yo mu 2016. Ariko n’aho biri uko Biden na Putin baremeranije kwongereza ikiringo c’imyaka itanu, amasezerano yo kugenzura ibirwanisho vya Nikleyeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG