Uko wahagera

Amerika Ntizoha Viza Abategetsi ba Etiyopiya na Eritreya Bagirizwa Ubwicanyi


Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Antony Blinken.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Antony Blinken.

Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu w’Imana yatangaje ko yafashe ingingo yo kwima viza abategetsi ba Etiyopiya na Eritreya bagirizwa kugira uruhara mu ntambara imaze amezi atandatu mu ntara ya Tigre. Amerika ivuga ko ata ntambwe ziboneka abo bategetsi bakoze kugira ubwo bwicanyi buhagarare.

Umushikiranganji wa Amerika w’imigenderanire, Antony Blinken, yavuze ko abanyagihugu muri Tigre babandanya guhohoterwa ku gateka kabo, gucunagurwa no kubura imfashanyo zazibiwe n’ibisirikare vya Etiyopiya ya Eritreya.

Blinken yatangaje kandi ko Amerika ihagaritse imfashanyo muvy’ubutunzi n’umutekano kuri Etiyopiya, ariko ko Amerika izobandanya gutanga imfashanyo muvy’amagara y’abantu, ibifungurwa hamwe n’inyigisho.

Yavuze ko izo viza zizokwimwa abategetsi batwara kino gihe hamwe n’abahitiye ba reta za Etiyopiya na Eritreya, bamwe mu bajejwe umutekano hamwe n’abandi bantu. Abandi ni inteko za reta y’intara ya Amhara hamwe n’abo mu mugambwe wo muri Tigre, (TPLF)."

Intambara yo muri Tigre yadutse mu ntango z’ukwezi kwa cumi na kumwe igihe umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed arungikiye abasirikare gufunga no kwambura ibirwanisho abategetsi b’umugambwe utwara intara ya Tigre.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG