Uko wahagera

Ubumwe bwa Afrika Busaba Reta Mfatakibanza muri Cadi mu Mezi 18


Perezida Félix Tshisekedi ya RDC hamwe n'umuhungu wa Idris Deby, Mahamat Deby i N'Djamena, Kw'itariki ya 23/04/2021
Perezida Félix Tshisekedi ya RDC hamwe n'umuhungu wa Idris Deby, Mahamat Deby i N'Djamena, Kw'itariki ya 23/04/2021

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika kuri uyu wa kane ryasavye ko intwaro ya demokarasi isubizwaho mu mezi 18 muri Cadi, aho akagwi k’abasirikare kafashe mu minwe uburongozi kw’igihugu mu kwezi kwa kane, inyuma y’aho Idriss Deby Itno apfiriye ariko arwanya abarobeli.

Ako kagwi karongowe n’umuhungu wa Deby, Mahamat Deby, kashizeho reta mfatakibanza y’abasivile kemera ko kw’itariki ya 20 y’ukwezi kwa kane kazotunganya amatora mu mezi 18. Ako kagwi k’abasirikare katangaje ko katsinze urugamba inyuma y’amezi atari make igihugu kiri mu ntambara n’abarobeli mu buraruko bushira uburengero bwa Cadi.

Mu rwandiko uwo muryango wasohoye, uvuga ko wigije inyuma uburyo bwose bwo kwongereza ikiringo ca reta mfatakibanza muri Cadi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG