Uko wahagera

Abanyororo 4 Bishwe Baciwe Imitwe muri Guatemala


Abajejwe gucungera ibohero muri Guatemala bariko bagarukana umutekano mw'ibohero, kw'itariki ya 7/07/2021
Abajejwe gucungera ibohero muri Guatemala bariko bagarukana umutekano mw'ibohero, kw'itariki ya 7/07/2021

Abanyororo bashika kuri bane baciwe imitwe mu kurwana kwabaye hagati y’imigwi idacana uwaka hagati yabo kuri uyu wa gatatu mw’ibohero ryo mu burengero bwa Guatemala.

Iryo bohero riri mu gisagara ca Quetzaltenango, ku birometero 205, ririmwo abanyororo bahoze ari karuhariwe mu kunywa no kudandaza ibiyayura.

Umuvugizi w’igiporisi, Jorge Aguilar, yavuze ko hamaze kumenyekana bane baciwe imitwe. Yavuze ko abaporisi 500 barungitsweyo kugarukana umutekano.

Iyo migwi y’abagizi ba nabi bagirizwa kwica igice c’abantu 3500 bicwa n’abagizi ba nabi muri Guatemala buri mwaka nkuko abategetsi bavuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG