Uko wahagera

Perezida Macron Aragendera u Rwanda mu Mpera z'Uku Kwezi


Perezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron, ibubamfu, yakira perezida w'u Rwanda, Paul Kagame ashitse kuri champ Elysee i Paris, kw'itariki ya 23/05/2018.
Perezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron, ibubamfu, yakira perezida w'u Rwanda, Paul Kagame ashitse kuri champ Elysee i Paris, kw'itariki ya 23/05/2018.

Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron, yavuze kuri uyu wa kabiri ko ategekanya kugendera u Rwanda ku ncuro yiwe ya mbere mu mpera z’uku kwezi kwa gatanu. Ni kimwe mu bishobora kuzogarukana icuka c’imigenderanire myiza yatosekajwe n’uruhara Ubufaransa bwagirizwa ko bwagize muri Jenoside yo mu 1994.

Perezida Macron yemeza ko urwo rugendo ruzoba rufise intumbero za poritike, kwibuka hamwe n’iz’ubutunzi. Yavuze kandi ko yemeranije na mugenzi we w’u Rwanda, Paul Kagame, ko bikenewe ko bandika ayandi mateka mashasha mu migenderanire. Urugendo rwiwe ruzoba rubaye urwa mbere rukozwe na perezida w’Ubufaransa kuva Nicolas Sarkozy agendeye u Rwanda mu 2010.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG