Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibihano Abafasha ISIS Kuronka Amafaranga


Inyubako y'ubushikiranganji bw'ikigega i Washington.
Inyubako y'ubushikiranganji bw'ikigega i Washington.

Reta zunze ubumwe za Amerika iriko irafata intambwe nshasha zizotuma umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu utoroherwa kwunguruza amafaranga yawo, arimwo ayo uhabwa nk’utuganuke aciye muri Siriya na Turukiya.

Ubushikiranganji bw’ikigega muri Amerika kuri uyu wa mbere bwatangaje ibihano ku bantu batatu hamwe n’ishirahamwe rimwe, bose bagize uruhara muco abategetsi bise ko ari uguha amafaranga uwo mugwi w’iterabwoba.

Umwe mu bahanwe ni Alaa Khanfurah, yagirizwa kuba yakoresheje ikompanyi yo muri Turukiya ikora ivyo guhanahana amafaranga, akaba ngo yarungikiye abategetsi bakuru ba ISIS muri Siriya ibihumbi vy’amadolari. Ishirahamwe rihanahana amafaranga Al-Fay, riri muri Turukiya hamwe n’abagabo babiri bavukana, Idris al-Fay na Ibrahim al-Fay bagirizwa kuba barafashije kuronsa amafaranga abarwanyi b’uwo muhari muri Siriya na Iraki.

Naho mu myaka ibiri iheze amakungu yatangaje ko umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu watsinzwe, abategetsi ba Amerika bagereranya ko uwo muhari ugifise mu bubiko amamiriyoni y’amadolari. Mu ntango z’uyu mwaka, ubushikiranganji bw’ikigega bwagereranije ko ayo mafaranga ashobora kuba arenga imiriyoni 100 z’amadolari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG