Uko wahagera

Perezida Maduro Yiteguye Kuganira n'Abatavugarumwe Nawe


Perezida Maduro na Guaido
Perezida Maduro na Guaido

Perezida wa Venezuela, Nicolas Maduro, yavuze ko yiteguye kwongera gutangura ibiganiro n’umukuru w’abatavuga rumwe nawe, Juan Guaido, nkuko ikimenyeshamakuru cegukira reta cabitangaje.

Ibiganiro hagabi y’abo bagabo babiri badacana uwaka vyahagaze kuva mu kwezi kwa munani 2019. Guaido yemewe na Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ibindi bihugu bitari bike bigwiriyemwo ivyo mu burengero bw'isi nk’umukuru w’igihugu wa Venezuela.

Perezida Maduro yavugiye kuri televiziyo y'igihugu ko yiteguye guhura n’abatavuga rumwe nawe bose kugira arabe ko hari icovamwo. Yavuze ko Guaido yipfuza kwicarana nawe ku meza y'ibiganiro babifashijwemwo n’ubumwe bwa Buraya hamwe na reta ya Norvege.

Ibi perezida abitangaje inyuma y’aho Guaido ashikirije icipfuzo co gupfundika amasezerano yo gutunganya amatora mashasha kugira ibihano Amerika yafatiye reta ya Maduro bikurweho.

Maduro, uwo itorwa ryiwe Amerika yavuze ko ryaranzwe n’ubusuma, ari mu bihano yafatiwe n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG